ISABATO: UMUSI W’IMANA
ISABATO MW’ISEZERANO RYA KERA
Itanguriro 2: 1-3 (Imana Yo ubwayo yarahezagiye Umusi w’Indwi);
Kuvayo 16: 14-30 (Imana yarongeye kwihaniza abantu ngo bubahe umusi wayo);
Kuvayo 20: 8-11 (Imana yaribukije abantu ngo bubahirize Isabato);
Kuvayo 31: 12-18 (Isabato ni ikimenyetso hagati y’Imana n’abantu bayo kugeza ibihe
               vyose!);
Yesaya 58: 13,14 (Dukwiye gusonera Isabato ntituyikoremwo ivyo twishakiye
                vy’imigambi yacu);
Ezekiyeli 20: 12, 20 (Dukwiye kweza Isabato kuko ari ikimenyetso hagati y’Imana natwe!)
                  .
       ISABATO UMUSI W’IMANA
                     ISABATO MW’ISEZERANO RISHA
Mariko 1:21 (Na Yesu yararuhuka Isabato);
Matayo 24: 20 (Yesu yavuze ko, n’inyuma y’ugupfa kwiwe n’ukuzuka kwiwe
akaduga mw’Ijuru, Isabato ikwiye kubandanya yubahirizwa);
Ivyakozwe n’Intumwa13: 14, 42, 44 (Igihe Yesu yari yamaze kuzuka akaduga
mw’Ijuru, Intumwa ziwe zabandanije zubahiriza umusi w’Isabato, ariwo musi
w’Indwi. Vyumvikane rero ko abavuga ko Intumwa arizo zahinduye umusi wo
kuruhuka baba bariko barazibeshera);
Ivyak.17:2 (Kari akamenyero k’Intumwa za Yesu kwubahiriza Isabato).
Koko rero, si Intumwa za Yesu zahinduye umusi wo kuruhuka, ahubwo hariho
ubutegetsi bwagerageje kurwanya ivy’Imana yashinze, buca bugerageza no
guhindura IBIHE N’IVYAGEZWE VY’IMANA nk’uko Umuhanuzi Daniyeli yari
yarabihishuriwe (Soma Daniyeli 7:25).
Abo bategetsi bagerageje guhindura ivy’Imana yashinze ni abo mw’Ishengero
Katolika ry’i Roma, nk’uko bo ubwabo bavyivugira mu gitabo c’Ishengero Katolika
citwa UBWUZURE BWA KERA ku rupapuro rwa 134 n’urwa 135. Raba ku rupapuro
rwa 135 ahavuga ngo: “Ekleziya irazigama amabwirizwa yose ikayaraba nk’inzira
ntangere twogenderako. Yarahinduye gusa umusi w’Isabato, itora uwukurikira
ngo ube umusi w’Imana.”
        ISABATO UMUSI W’IMANA
BIBILIYA ITUBWIRA IKI KU VYEREKEYE UMUSI W’INDWI W’UKURI? IBINDI
                 BITABO VYOVYO BIBIVUGAKO IKI?
  BIBILIYA ITUBWIRA KO DIMANCHE ARI UMUSI WA MBERE W’IYINGA;
         SAMEDI NAWO UKABA ARIWO MUSI W’INDWI W’UKURI
Yesu yazutse ku musi bita “dimanche”. Bibiliya itubwira ko hari ku musi wa mbere
w’indwi. Soma Luka 24:1; Matayo 28:1. Birumvikana rero ko Dimanche ariwo musi
wa mbere w’indwi, Samedi niwo uca uba umusi w’indwi w’ukuri.
Yesu yazutse Dimanche.Bibiliya itubwira ko Isabato yari yaheze (Soma Matayo 28:1;
Mariko 16: 1,2). None ko Yesu yazutse Dimanche Isabato yaraye ihavuye, wumva iyo
Sabato yari yashitse ryari? Birumvikana rero ko Isabato ishika ku musi bita “Samedi”.
Yesu yahambwe ku musi abantu bita Vendredi. Bibiliya itubwira ko wari umusi wo
kwitegura, bwari bugorovye, Isabato yagira itangure (Soma Mariko 15: 42-47, na cane
cane umurongo wa 42; usome na Luka 23: 50-56, na cane cane umurongo wa 54).
None ko hari Vendredi ku mugoroba Isabato igira itangure, wumva iyo Sabato yaciye
ishika ryari? Inyishu: Isabato yaciye ishika ku musi witwa “Samedi”
Samedi rero niwo musi w’Isabato w’ukuri.
      ISABATO UMUSI W’IMANA
 BIBILIYA ITUBWIRA IKI KU VYEREKEYE UMUSI W’INDWI
   W’UKURI? IBINDI BITABO VYOVYO BIBIVUGAKO IKI?
                       (SUITE)
IBITABO VY’ISHENGERO KATOLIKA BIREMEZA KO UMUSI
IMANA YAHEZAGIYE KUVA KERA ARI SAMEDI.
BIRONGERA BIKEMEZA KO ISHENGERO KATOLIKA ARI
RYO RYAHISEMWO GUHINDURA IVYO IMANA YASHINZE
Soma ibi bitabo bikurikira:
UBWUZURE BUSHASHA, urupapuro rwa 124 hepfo, urahabona insiguro
y’ijambo ISABATO, kandi urisomera ko Isabato yahora ishika ku
wagatandatu w’ubu.
NDEMEYE EKLEZIYA KATOLIKA: KUKI?, urupapuro rwa 94 n’urwa 105.
Bariyemerera ko Ishengero Katolika rihimbaza umusi wa mbere w’iyinga.
UBWUZURE BWA KERA, urupapuro rwa 135. Ekleziya Katolika iremera ko
ariyo yahinduye umusi wo kuruhuka.
ISABATO UMUSI W’IMANA
BIBILIYA ITUBWIRA IKI KU VYEREKEYE
UMUSI W’INDWI W’UKURI? IBINDI BITABO
VYOVYO BIBIVUGAKO IKI? (SUITE)
URASHOBORA KANDI GUSOMA
KAZINDUZI (DICTIONNAIRES)
ZANDITSWE KERA:
uzosanga Dimanche ari umusi wa mbere,
samedi nawo ari umusi w’indwi.
     ISABATO UMUSI W’IMANA
                    MENYA NEZA:
AMAZINA YAHAWE IMISI KU KIRANGAMISI C’UBU NTAFITANIYE ISANO
N’URUTONDE IYO MISI IFISE MU NDWI AHUBWO YEREKEZA KU
BIGIRWAMANA VYASENGWA KUR’IYO MISI.
DIMANCHE = SUNDAY = JOUR DU SOLEIL
LUNDI = LUNAE DIES = JOUR DE LA LUNE
MARDI = MARTIS DIES = JOUR DE MARS
MERCREDI = MERCURII DIES = JOUR DE MERCURE
JEUDI = JOVIS DIES = JOUR DE JUPITER
VENDREDI = VENERIS DIES = JOUR DE VENUS
SAMEDI = Latin SABBATI DIES = JOUR DE SABBAT
         = Anglais SATURN DAY = JOUR DE SATURNE
ISABATO UMUSI W’IMANA
TUMENYE NEZA:
IVYAGEZWE VY’IMANA, HARIMWO N’ISABATO
(KUVAYO 20:3-17), NTIBIHINDUKA!
Soma:
Matayo 5: 17-19; Luka 16: 17; Yohana 14: 15;
Yohana 15:10; Roma 3:31; 1 Kor. 7:19; 1Yohana 2: 3,
4;
1 Yohana 5:3; Ivyahishuwe 12: 17; 14: 12;
Matayo 28:20; Yakobo 2: 10-12;
Abaheburayo 10: 26, 27.
IMANA IBAHEZAGIRE CANE MU GIHE MUHITAMWO
               KUYUMVIRA!