Ikirundi
Ikirundi ni ururimi ruvugwa n'abantu barenga imiriyoni icumi. Hamwe n'igifaransa, ikirundi ni ururimi rwemewe n'amategeko kandi rukoreshwa mu gihugu c'Uburundi. Ururimi rw'ikirundi turusanga ruvugwa mumpande zose z'igihugu c'uburundi. Ikirundi gishaka gusa n’ikinyarwanda (mumvugo no munyandiko), ururimi rw’Abanyarwanda, kigashaka gusa kandi n’igiha be n'igihangaza, indimi zivugwa muri Tanzaniya cane cane kumbibe ivyo bihugu bihana. Ikirundi nirwo rurimi kama ruvugwa mu Burundi, rukavugwa mumpande zose z'igihugu c'Uburundi (mumitumba hamwe no mubisagara).
Ikirundi ni ururimi ruri mu ndimi zo muri afrika bantu. Rwubatswe n'amajambo kama be n'amajambo yatiwe muzindi ndimi zibanyi nk'igiswahiri be no mu ndimi z'abakoroni (igifaransa n'ikidagi) rukagengwa n'amategeko y'indimburo. Inyandiko y'ikirundi ikoresha indome ndatini, ni ukuvuga indome z'ikiratini. Cokimwe n'izindi ndimi, kumenya kuvuga ikirundi, kucandika, kugitahura be n'indimburo vy'ikirundi bisaba kuvyiga.
Inyandiko y’Ikirundi: Ingorane nkurunkuru
hinyanyura inyandikoInama nkarishabwenge igira gatatu y'abigisha ikirundi mu mashure yisumbuye yabereye i Bujumbura kuva ku wa 29 Myandagaro gushika ku wa 2 Nyakanga 1983, yari yatumiye n’abigisha ikirundi muri Kaminuza y’Uburundi hamwe n’abashingwakirundi bo mu biro vy’Indero Kavukire (B.E.R.). Iyo nama yarihweje ingorane nkurunkuru zerekeye inyandiko y’ikirundi, yongera iratorera umuti izitari nke. Ngizi ingingo zapfunditswe n’iyo nama nkarishabwenge:
- AMAJWI AVUGA
a, e, i, o, u. - AMAJWI Y’INDAGI
b, c, d, f, pf, g, h, j, k, m, n, ny, , ng, p, r, s, sh, t, ts, v, w, y, z. - INGORANE ZIFATIYE KU KWITIRANYA AMAJWI Y’INDAGI
- Umukirisu: ntibavuga umukristu.
- Ikawa yitwa robisita: ntibavuga robista.
- Intara ya Afirika: ntibavuga Afrika.
- urusato/urushato
amasaka/amashaka
isaka/ishaka
igisaka/igishaka - igishakashaka/igisakasaka
- urusato
amasaka/amashaka
isaka/ashaka
igisaka - igishakashaka
- umusi/umunsi
imisi/iminsi - isomerwa/insomerwa
- umusi
imisi - isomerwa
- umupfakazi/umufakazi
gupfupfahaza/gufufahaza
umupfumu/umufumu
kwipfuza/kwipfuza - umupfa/umufa
ipfu/ifu
gupfutera/gufutera - umupfakazi
gupfupfahaza
umupfumu
kwipfuza - umufa
ifu
gufutera - kurwara/kugwara
indwara/ingwara
kurwana/kugwana
indwano/ingwano
urwarwa/ugwagwa
urwiri/ugwiri - kurwa/kugwa
kurwabira/kugwabira
umurwi/umugwi - kurwana
indwara
kurwana
indwano
urwarwa
urwiri - kugwa
kugwabira
umugwi - kwurira/kurira
kwongera/kongera
kwubaka/kubaka - noheza nkurira/noheza nkwurira
nkongera/nkwongera
nkubaka/nkwubaka
nkicara/nkwicara - nka kurya kw’urubeya/k’urubeya
- akana k’ubwenge/kw’ubwenge
- kwurira
kwongera
kwubaka - nkurira
nkongera
nkubaka
nkicara
- kw’urubeya
- akana k’ubwenge
- Itsitso ni -urir-, onger-, ubak-. ku- na yo ni inyitangizo y’umuvugire wa kigenze. Ijwi u ryo kuri ku- ricika incamwanya w kuko rikurikiwe n’irindi jwi rivuga mw’ijambo rimwe.
- Ibihimba ni:
/n-ka-urir-a/
/n-ka-onger-a/
/n-ka-ubak-a/
/n-ka-icar-a/
Mw’ijambo ijwi a rikurikiwe n’ayandi avuga atangura itsitso bararisimba:
/n-k(a)-urir-a/
/n-k(a)-onger-a/
/n-k(a)-ubak-a/
/n-k(a)-icar-a/
Muramenye: amajwi a na i arakunda kurondana akavyara e. Uturorero:
amenyo = /a-ma-inyo/
benshi = /ba-inshi/ . - kwa = /ku-a/ kwa ni indongorazina, mugabo mu majambo abiri amajwi avuga akurikiranye, irya mbere bararisimba.
- ka = insanisha.
- ikiti/igiti
ikikere/igikere
nya gikoko kica
kipfira hano/
nya gikoko gica
gipfira hano. - igikere na co kiti/
igikere na co giti - igitabu kitubwira/
gitubwira - igiti
igikere
nya gikoko gica
gipfira hano. - kiti
- kitubwira
- Amajwi agumye
y'inyitangizo
arahinduka akoroha
iyo itsitso
ry'ijambo
ritangurwa
n'irigumye - Kwandika ukurikije
imvugo y'Abarundi - kitubwira =
/ki-tu-bwir-a/
ki- = iny.
-tu- = ind.
-bwir- = its.
-a = agas.
Inyitangizo
n'itsitso
ntibikurikirana. - INGORANE ZIFATIYE K’UGUTANDUKANYA AMAJAMBO MU RYUNGANE
- Yohani na Petero bajanye/vyajanye
- Yohani na ya nyabu bajanye/vyajanye
- Yohani na ya ntebe baguye/vyaguye
- bajanye
- vyajanye
- vyajanye
- Amazina y'urunani y'urusangi
- Amazina y'ubucuti
- Izina ry'urunani rigizwe n'amazina abiri
- Amazina abiri afatanijwe n'insanisha
- Amazina agizwe n'amavuga abiri
- Amazina y'urunani agizwe n'ayandi majambo adasangiye ubwoko
- Amazina yunzwe n'agace nya canke ene
- Amazina y'urunani y'uruharo
- Amazina arimwo insanisha
- Amazina atarimwo insanisha
- Izina riherekejwe n'utundi tujambo turirangura
-
- serugo, inarugo, sokuru, nyokuru, marume, sowanyu, mwenewanyu, datawacu, karumunake, ...
- inka – muntu
umwana - mugabo - inka y'irembo
inkono y'itabi - somambike
igisoromandandura - ikibonamaso
amayirabiri - umunyabwoba
Umwenengwe
akenese
- Maguru ya nyarwari
Rukundo rwa Ntare - Rutegeramisi
Kibikizozejo
Ndayamutaye - Rufuku rwafukuye
Uburundi
Kivumu kitari
ikivumuvumu -
- Amazina y'ubucuti yandikwa mw'ijambo rimwe
- ayo mazina atandukanywa n'agakwego
- Ayo mazina yandikwa mu majambo atatu
- Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
- Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
- Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
-
- Ayo mazina yandikwa mu majambo atatu
- Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
- Iryo zina riraheza rikandikwa ukwaryo, ayandi majambo na yo akandikwa ibisanzwe.
- nyene
- Nyene + izina
- Nyene + irivuga
nyene + ins.
- nyene
- mwene + izina ry'urusangi
- mwene + izina ry'uruharo
-
- nyenigihugu
nyeningoma
nyenurugo
nyeninzu
nyenicubahiro - nyene kurima
nyene vyo
nyene ho
- nyenigihugu
- mwene senge
mwene nyinabo - mwene Nteturuye
-
- Vyandikwa mw'ijambo rimwe.
- Vyandikwa mu majambo abiri.
- Vyandikwa mu majambo abiri.
- Mu kubikora/
mukubikora
Mu kunebwa/
mukunebwa - Yuriye ku nzu/
kunzu
Yinjiye mu nzu/
munzu - Ku shami/kw'ishami
ku nzu/kw'inzu - mu kubikora
mu kunebwa - Yuriye
ku nzu
Yinjiye
mu nzu - kw'ishami
ku nzu - ku na mu ni utujambo twisangije ubwoko, tudakwiye gufatana n'ijambo turongoye.
- I muhira/imuhira
I ruhande/iruhande
I mbere/imbere
Inyuma/inyuma - I Bujumbura/Ibujumbura
- Ha ruguru/haruguru
Ha mbavu/hambavu
Ha mbere/hambere
Ha nyuma/hanyuma - Iwanje/iwa nje
Ukwiwe/Ukw'iwe - ha + irivuga
- I muhira
Iruhande
Imbere
Inyuma - I Bujumbura
- haruguru
hambavu
hambere
hanyuma - iwanje
ukwiwe - ha gupfa
wozanzama
ha kurya wonywa - Aho haragutse
nayo/na yo hano haraga - Naho/na ho
niwagaruka - Nako/na ko
umengo araje - Noneho/none ho
araje - nayo
- naho
- nako
- noneho
- N'aho/naho
wogaruka sinoguha - N'iyo/niyo woza
sinokubona - n'aho
- n'iyo
- jenyene =
nta we turi kumwe - je nyene =
jewe nyene - bonyene =
nta we bari kumwe - bo nyene =
bobo nyene - ngo ego/ngw'ego
ngo uyu muntu/
ngw'uyu muntu aze - kugira ngo aze/
kugira ngw'aze - uko aje/ukw'aje
- ko ushitse/
kw'ushitse - ngo ego
ngo uyu muntu aze - kugira ngo aze
- uko aje
- ko ushitse
- Ni umuntu/n'umuntu
Si umuntu/s'umuntu - Abenshi ni ko bavuga/
Abenshi niko bavuga
Abenshi si ko bavuga/
Abenshi siko bavuga
Ego ni ko/ego niko
Oya si ko/oya siko - Avuga ko/avugako
- Bakame rero ni ko/
niko kwibaza ruti
- Ni uko/nuko batevye mba ngiye
- Nuko/ni uko
mukunzi muhire
Ni uko/nuko rero
Bakame rukagenda
Ego ni uko/nuko
Oya si uko/suko
- Ivyo ni vyo/nivyo
mvuga
Ivyo si vyo/sivyo
mvuga
Iyo ni yo/niyo
mvo
Iyo si yo/siyo
mvo - Ni umuntu
Si umuntu - Abenshi ni ko
bavuga
Abenshi si ko
bavuga
ego ni ko
oya si ko - avuga ko
- ni ko
- Ni uko batevye
- ni uko mukunzi
muhire
ni uko rero
Bakame rukagenda
Ego ni uko
Oya si uko - Ivyo ni vyo
mvuga
Ivyo si vyo
mvuga - Iyo ni yo mvo
- Nkûkó/nk'ûkó
- Nkǔko/nk'ǔko
- nk'ûkó
- nk'ǔko
- Iyi sahwanya igizwe na zindi zibiri:
nka na uko . - Aya majambo ni abiri, rimwe ni sahwanya,
irindi ni ins. rugena yubakiwe ku ndongorazina. - Ejo bundi/ejobundi
- Hirya y'ejo/hiryayejo
- ejobundi
- hirya y'ejo
- Iyo ntumbuzi yandikwa mw'ijambo rimwe
- Iyo ntumbuzi igizwe n'amajambo abiri
afatanijwe n'insanisha. - ciwanje =
canje - c'îwânjé = c'i muhira
- Irivuga + intumbuzi y'ikibanza
ko , ho , yo , mwo .
- Irivuga + ins. muv. ngufi
ko , ho , yo . - shirako,
shirayo,
shiramwo,
shiraho,
hariyo,
hariho,
harimwo,
hariko,
mfisemwo,
mfiseho,
mfiseko,
mfiseyo.
- Bihereze Imana
Bihereze yo .
Shira ka kayabu
kandi urabe yuko
wahaye ko .
Ubwo badodoye ho ? - Izi ntumbuzi uko ari zine: ko, ho, yo, mwo
zikurikiye irivuga zitegerezwa gufatana na ryo.
- Igihe utujambo ko, ho, yo, ari
ins. muv. ngufi, twandikwa ukwatwo. - UTUMENYETSO TWO KURUHUKA Twagumije utwari tuhasanzwe kuva na kera:
- IKORESHWA RY'URUDOME RUKURU
- Urudome rukuru rukoreshwa mu gutangura iryungane, inyuma y'akaburungu, ya kabaza na gatangazi no hagati ya twa mugina.
- Rukoreshwa kandi mu gutangura izina ry'uruharo.
- Ingorane zimwezimwe:
- Ukwigisha ikirundi, igifaransa, icongereza.
Amazina y'indimi tuyafata nk'amazina y'urusangi, ni co gituma atangurwa n'urudome rutoyi. - Abarundi, Abanyarwanda, Ababirigi, Abanyamerika.
Izina ry'abanyagihugu rifatwa nk'iry'uruharo igihe bafatiye hamwe bose ata kubaharura.
Uturorero: Abarundi benshi barize, Ababirigi bamwebamwe bavuga igifaransa. - Twari kumwe n'umurundi umwe, abanyarwanda babiri hamwe n'abanyamerika icumi na bane.
Ngaha harimwo uguharura, ni co gituma izina ry'abanyagihugu rica rifatwa nk'iry'urusangi. - Igihugu c'Uburundi, ca Kongo. Intara ya Afirika, y'Uburaya.
Amazina y'ibihugu n'ay'intara ni amazina y'uruharo. - Abanyakarama, Abatare, Abavubikiro.
Amazina y'umuryango afatwa nk'ay'uruharo.
Uturorero: Abavubikiro nka bose barahonye, Abanyakarama benshi bari abatware. - Twajanye n'umunyakarama umwe, abatare babiri n'abavubikiro icumi na bane.
Ayo mazina aca afatwa nk'ay'urusangi kuko harimwo uguharura. - Muramenye ko muri Afirika y'epfo hari amacakubiri y'abera n'abirabure.
Amazina yerekana ubwoko bw'abantu afatiye ku rukoba afatwa nk'ay'urusangi.
- Ukwigisha ikirundi, igifaransa, icongereza.
- UTWATUZO Turavye ibitabu vy'ikirundi biri mu mashure yisumbuye, dusanga ibikurubikuru ari ivya Patiri NTAHOKAJA. Mu mashure menshi bakoresha utwatuzo turi muri ivyo bitabu. Na two ni utu:
- agakwego hejuru y'amajwi arandira: sēsa, shīma, rāmba.
- akarasago ku majwi ameze nk'ayaduga bwampi: ishámi, umutwé.
- agatemere kubitse ku majwi ahinze amanuka: umuvyêyi, ibêre, irêmbo, umubânyi.
- agatemere kagaramye ku majwi ahinze aduga: icěse, umutǔmba, umwǎmi, umwǎnya.
- utuburungu tubiri turambitse ku majwi aduga y'urunani: böse, twëse.
|
|
|
Muramenye:
Agakwabu ko hejuru (apostrophe) ni ako gutandukanya amajambo abiri igihe irya mbere ari akagetugetu.
Uturorero: inkono y'itabi, ibikoko vyo mw'ishamba, amazi yo kw'iteke
Nta gakwego rero kazosubira gukoreshwa mu gutandukanya bene ayo majambo.
Utwo twatuzo n'ubu ni two bazoba barakoresha, ariko dutegetswe mu nyigisho y'indimburo y'ikirundi gusa.
Indīmbūro
hinyanyura inyandikoIbihĭmba vy'îmvúgo
hinyanyura inyandikoAmajāmbo ahīndúka
hinyanyura inyandikoIrivúga
hinyanyura inyandikoIrivúga ni ijāmbo ryērékana kamére, umugămbi cânké igikórwa.
Ingéreká
hinyanyura inyandikoIngéreká ní ijāmbo bageréka kw’īzína ngo ririrăngūre, máze ayo majāmbo abiri agasāngira inyîtāngizo. Ingéreká ziri ubwôko buné:
1.Ingéreká ndôndōzi irāngūra izína igerétswekó mu kwěrekana akarānga kâryo. akarorero:inkoni ndende.ndende ni ingereka ndondozi
.
2.Ingéreká kabazá irāngūra izína igerétswekó mu kurirōnderera insígūro itōmôye bícīye mu kubáza. Akarorero: Amavuta maki?.maki ingereka kabaza.
3.Ingéreká ntāntígiri irāngūra izína igerétswekó mu kwěrekana ukó ibīntu bīngána aríko itádomyé urutoke ku gitígiri.Akarorero:Yazanye amavuta menshi.menshi ni ingereka ntantigiri.
4.Ingéreká rutānyá irāngūra izína igerétswekó mu kuvângūra icó iryo zína ryērékana n’íbïndi.
Ra. Ne.: 1.Ingéreká ikuríkiye inshōzi, irivúga, insígarirazína cânké akăndi kajāmbo kadahīndúka, iguma arí ingéreká igihe bibonéka yûkó igerétswe kw’īzína. Akarorero: Uyu mugabo ni munini(munini ni ingereka) 2.Ingéreká irashóbora kuvámwó ingereka-nsígarirazína, ingéreká-zína canké irivúga mvângéreká
Insígarirazína-ngéreká n'însígarirazína
hinyanyura inyandikoInsígarirazína-ngéreká ní ijāmbo bageréka kw’īzína ngo ririrăngūre, aríko ayo majāmbo abiri ntăsāngire inyîntāngizo. Iyó insígarirazína-ngéreká isigáriye izína igerétswekó ica icîka insígarirazína.
1.Insígarirazína muvugwá: ni ijāmbo risigárira uwuvúga, uwubárirwa, cânké ikivúgwa.
a.Izĭrebānga: zishobora kubá iz’ímivúgwa cânké izisígarira amazína, ndēnde cânké ngúfi.
b.Izifátanye n’írivúga: zishobora kubá iz’ímivúgwa cânké izisígarira amazína.
Ra. Ne.: Ntā nsígarirazína-ngéreká muvugwá ibáhó.
2.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína rugená: ni ijāmbo rigenékereza izína rigerétswekó.
3.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína nsānîsha: ni ijāmbo ryērékana isâno rirí hagáti y’íbīntu bibiri, icó rigerétswekó hamwé n’íkïndi.
4.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína satūngá: ni ijāmbo ryērékana nyené ibīntu n’îsâno afitániye n’íbīntu vyîwé.
5.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína gaharûra: ni ijāmbo ryērékana ukó ibīntu bīngána ríbicīshije ku gitígiri cânké ku guhárūra.
6.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína gaharûra gatōndēsha murōngo: ní ijāmbo ryērékana ikibănza ikīntu giheréreyemwó mu rutŏnde rufatíye ku guhárūra.
7.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína kabazá: ni ijāmbo ryērékana ibīntu ivyó arí vyó, ahó bibarízwa canké ukó bīngána ríbicíshije mu kubáza.
8.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína ntatānyá: mu rudênde, ni ijāmbo ryerékana ikīntu kitagabánije cânké kirí mu murōngo w’íbïndi; mu bwĭnshi, ni ijāmbo rikorániriza mu mugwi umwé ibīntu rirāngûra.
9.Insígarirazína-ngéreká n’însígarirazína rutānyá: ni ijāmbo rifatira ibīntu bimwé ukwāvyó ibĭndi ukwāvyó.
Amajāmbo adahīnduka
hinyanyura inyandikoInshōzi
hinyanyura inyandikoInshōzi ní ijāmbo rimezé nk’írivúga aríko ridashobóra guhâdikirizwa.
Indôngōrazína
hinyanyura inyandikoIndôngōrazína ní ijāmbo ryāmá rírōngōye izína kăndi rikērekana ikibănza.
Sahwānyá
hinyanyura inyandikoSahwānyá ní ijāmbo rihwānyá amajāmbo asāngíye ubwôko cânké ingīngo zibiri mu ryŭngāne. Ziri ubwôko butatu:
1.Sahwānyá isāngânya: ihwānyá amajāmbo cânké ingīngo zisāngíye ubwôko cânké zifitániye isâno ryā kárāngûra.
2.Sahwānyá ihitîshamwó: yērekana yûkó bahitámwó ikīntu kimwé murí bibiri.
3.Sahwānyá y’ámadĭdāne: yērekana yûkó bakēkéreza, atā nyíshu itōmôye bashobóra gutânga.
Intūmbūzi
hinyanyura inyandikoIntūmbūzi ní ijāmbo ritūmbûra icîyumvīro c’írivúga, c’îngéreká, c’însígarirazína cânké c’íyïndi ntūmbūzi. Ziri ubwôko indwi:
1. Intūmbūzi y’íkibănza
2.Intūmbūzi y’ígihe
3.Intūmbūzi y’úkugéne
4.Intūmbūzi y’úkūnganya cânké y’încúro
5.Intūmbūzi y’úkubáza
6.Intūmbūzi y’úkwëmera
7.Intūmbūzi y’úguhakana
Inkébuzo
hinyanyura inyandikoInkébuzo ní ijāmbo rikorêshwa mu gukébura uwó mugānira.
Gatăngāzi
hinyanyura inyandikoGatăngāzi ní ijāmbo umūntu avugá kugíra ngo aserúre akamúbakiye ku mutíma, arí ukunêzērwa, ugushīma cânké ukugaya.
Gakŭmbānya
hinyanyura inyandikoGakŭmbānya ní ijāmbo ryīgâna ukó ibīntu bigēndá aríko mū mvúgo ipfunyápfunye kăndi y’ínshushānyo, ukamēngo uravyîbónera cânké uravyîyúmvira.
Ibitabu vyăkorēshejwe
hinyanyura inyandiko
br /> igisoromandandura